Ikinyamakuru BBC gishobora kwitwarirwa n’ubutungane bw’u Burundi

Intahe
2 min readDec 14, 2018

--

Aimée Laurentine Kanyana, umushikiranganji w’ubutungane : «Ireresi yakozwe n’ikinyamakurur le BBC iragaragaza neza umugambi mubi ico kinyamakuru gifise wo guhungabanya amahoro n’umutekano vy’igihugu c’u Burundi» ©Intahe.net

Inkuru yatohojwe na Joël Nsabiye

Abarongozi b’igihugu c’u Burundi baragabisha ikinyamakuru c’abongereza BBC bakamenyesha ko bagiye kucitwarira mu butungane inyuma y’aho gishiriye ahabona ireresi yerekana inyubakwa yoba yarapfungiwemwo abantu bakanasinzikarizwa agateka kabo muri iyo nzu. Umushikiranganji w’ubutungane amenyesha ko iyo reresi ihungabanya umutekano w’igihugu.

Indongozi za Reta y’u Burundi kuri uwu wa 13 kigarama 2018 zarakoranije abaserukizi b’ibihugu bitandukanye barangurira imirimo ya bo mu Burundi mu ntumbero yo kubamenyesha ko amakuru yaciye mw’ireresi ikinyamakuru BBC giheruka gushira ahabona igizwe n’amarementanya mu mugambi wo kuryanisha abarundi no guhungabanya umutekano w’igihugu.

Iyo reresi ya BBC yerekana inyubakwa bavuga ko yoba ari ibohero ritazwi inzego z’umutekano n’izigendereza zapfungiramwo abatavugarumwe na Reta bagaheza bakabakorera n’amabi ahungabanya agateka ka zina muntu.

Inyuma y’uwo mubonano, bahavuye bajana abo baserukira ibihugu vyabo kubereka iyo nyubakwa iri mu zone ya Kinindo, Komine Mukaza, mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Bujumbura.

Aimée Laurentine Kanyana umushikirangaji w’ubutungane yagiriza ikinyamakuru BBC kuba catanze inkuru ifatiye ku binyoma n’amarementanya aho iyo reresi yerekana ko kuva mu mwaka wa 2016 gushika muri kigarama 2018 urwego rw’igendereza rubandanya rutosekaza agateka ka zina muntu ku batavuga rumwe na Reta.

Umushikirangaji Kanyana ati :« Iyi reresi ni iyo gucafuza Reta y’u Burundi,abenegihugu hamwe n’abajejwe igendereza. Kuri iyo mvo, abakoze iyo reresi bagiye gukurikiranwa n’ubutungane».

Kubw’umushikiranji Kanyana iyo nkuru yashikirijwe n’ikinyamakuru c’abongereza BBC ariyo gutosekaza ubutunzi hamwe n’imigenderanire y’u Burundi n’amakungu. Agirako amenyesha ko iyo reresi icafuza isura y’igihugu bikazohava bibuza abazana imitahe gukorera mu Burundi. Asaba ashimitse ko BBC itegerezwa gusubiza ishusho nziza y’igihugu.

Iyo reresi yashizwe ahabona na BBC yerekana abantu bashinga intahe badoma urutoke ku mabi bakorewe n’inzego z’umutekano n’iz’igendereza inyuma y’imyiyerekano yakurukiye ukwihagira ikiringo ca gatatu kitemewe n’amategeko na Petero Nkurunziza mu 2015.

Umwe murabo bashinga intahe yiyemerea ko yakorera urwego rw’igendereza agira ati : « Benshi bibaza ko igihugu gitekanye, ariko aka gahengwe k’umwanya muto ni akaryo inzego za Reta zifata zigaheza zigatoteza zikongera zikica abatavugarumwe nayo, amakungu ntabice n’ikanda».

Ikinyamakuru BBC gishobora ku dasubira gukorera ku butaka bw’u Burundi

Iyi reresi ije guhuhura ivyari bisanzwe bicumbagira inyuma yaho iradiyo BBC yari imaze igihe yarahagaritswe vya gateganyo n’urwego CNC rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru mu Burundi, kuva muri rusama 2018.

Ico gihe urwego CNC rwagirije BBC kuba yarenze ku mategeko n’amateka agenga umwuga wo kumenyesha amakuru gutyo baharika vya gateganyo ibiganiro vyayo ku murongo wa FM ikiringo c’amezi 6.

Inyuma ya mezi 8 itumvikana ku butaka bw’u Burundi ikizigizigi co gusubira gukora gitera kigabanuka.

--

--

Intahe

Intahe est une plate-forme peuplée de voix burundaises qui vise à promouvoir la paix, la liberté d’expression et la justice pour les victimes.