Ubutungane kuri Ndadaye : Ukuri canke umukino wa poritike?

Intahe
Intahe
Dec 7, 2018 · 4 min read
Alexis Badian Ndayihimbaze, Umuvugizi w’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ©Droits Réservés

Inkuru yatohojwe na : Perpétue Haziyo

Inama nshingamateka y’Uburundi iriyamiriza urwandiko ruherutse gusohorwa n’Ubumwe bwa Afirika, ku bijanye n’imitahe mpuzamakungu y’uguhagarika abikekwa ko bagize uruhara mw’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye. Mahamat Faki Moussa, umukuru w’umurwi w’ubumwe bw’Afirika yari yashikirije amakenga afise kuri iyo mitahe mpuzamakungu. Mu baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi harimwo uwuserukira ubumwe bwa Afirika mu gihugu ca Mali n’akarere ka Sahel.

Inama nshingamateka y’Uburundi, mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa gatatu, yahakanye ibiri mu rwandiko rwashizwe ahabona n’Ubumwe bwa Afirika, aho bwashikiriza amakenga ku nkurikizi z’iyo mitahe mpuzamakungu yasohotse ku bagirizwa urupfu rwa Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu yagandaguwe haraheze imyaka 25.

Umukuru w’umurwi w’ubumwe bw’Afirika, Moussa Mahamat Faki yateye umukono kuri urwo rwandiko yagize ati : « Turiyamirije ingingo yo gusohora umutahe mpuzamakungu kuri Buyoya, kuko bishobora gutuma bisubiza inyuma ubumwe bwabarundi hagati y’amoko, bishobora no kubangamira ibikorwa vy’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR. Twongera kandi dusaba ko Reta y’Uburundi itohirahira ngo ifate ingingo ziza kwongereza amagume ahasanzweho »

Umuvugizi w’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, Alexis Badian Ndayihimbaze ntavuga rumwe na Moussa Mahamat Faki.

« Ivyo ni ibinyoma kuko mu Burundi ata ndyane burimwo. Nta kintu na kimwe tubona coza kubuza inzego z’Uburundi kubandanya ikivi. » Ndayihimbaze abandanya amenyesha ko naho iyo dosiye y’urupfu rwa Ndadaye yari muzizokwigwa n’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR, bitabuza ko ubutungane bw’Uburundi bubandanya amatohoza kuri iyo dosiye kuko CVR ata bubasha ifise bwo kubuza ko amatohoza ubutungane bwatanguye buyabandanya.

Ubumwe bwa Afirika bwari bwashikirije kandi ko iyugurugwa ry’iyo dosiye rishobora gutuma ibiganiro biriko birahuza abarundi bitosekara. Kuruhande rw’inama nshingamateka y’Uburundi, iyo dosiye ntizobangamira ibiganiro vyo gusubiza hamwe abarundi, kuko bisa n’ibiriko birarangira.

Inama nshingamateka isaba amashirahamwe mpuzamakungu kutabandanya yivanga mu bibazo vy’Uburundi no kwubahiriza ukwikukira kw’Uburundi, mu kureka ubutungane bukabandanya akazi kabwo.

Ubutungane burondera abahoze ari « ibihangange »

Uwuza kw’isonga mu bantu 17 baronderwa n’imitahe mpuzamakungu yasohowe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubirika kw’igenekerezo rya 24 Kigarama 2018, ni Major Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi. Mu mwaka w’1993, niwe yabisikanije ku butegetsi na Ndadaye Melchior yagandaguwe inyuma y’amezi atatu gusa atsinze amatora. Mu mwaka w’1996, Petero Buyoya yarahiritse ubutegetsi, abusubiza inyuma y’imyaka itandatu. Naho ariko aronderwa n’ubutungane, yarigeze kuba aratwa n’indongozi z’Uburundi. Mu mwaka wa 2014, igihe yariko arahiganwa mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa « Francophonie », Uburundi bwaramushigikiye. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaranditse amakete asaba abakuru b’ibihugu kumushigikira, arata ubutwari bwaranze Petero Buyoya, mu gusubiza hamwe n’ukunywanisha abarundi.

Mu myaka 13 umugambwe CNDD-FDD umaze uri ku butegetsi, abo baronderwa n’ubutungane barahawe amabanga akomeye mu gihugu. Uwitwa Bernard Busokoza yarabaye icegera ca mbere c’umukuru w igihugu kuva kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2013 gushika kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2014. Bamwe mu basirikare bane bahoze ari intwazangabo ubu babarizwa mu mabohero atandukanye baradugijwe bavuye ku mapete ya « Colonel » bahabwa amapete ya « Général Major ». Akarorero ni aka “Général Ndayisaba Celestin batazira “Kibadashi”.

Imitahe mpuzamakungu ataco ibabwiye

Inyuma y’indwi imwe imitahe mpuzamakungu y’ukubafata isohotse, Petero Buyoya yaravuye mu gacerere. Mu baronderwa niwe wenyene amaze kugira ico ashikiza ku mugaragaro, n’ikiganiro ku bamenyeshamakuru akaba yarakiremesheje, mu gisagara ca Bamako, aho asanzwe arangurira imirimo yahawe n’ubumwe bwa Afirika.

Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’uBurundi niwe ari kw’isonga ry’abantu 17 baronderwa n’ubutungane bagirizwa igandagurwa rya Ndadaye ©Droits Réservés

Major Petero Buyoya amenyeshako iyo mitahe mpuzamakungu ari imikino ya Reta y’Uburundi, kugira isamaze abarundi ku makuba barimwo n’indyane za poritke zakwezwe na Reta ubwayo kuva mu mwaka wa 2015. Kubwa Buyoya, « Reta y’Uburundi hagutorera umuti w’ibibazo biyihanze iguma idadaza mu kwanka kwitabira ibiganiro biyihuza n’abatavuga rumwe nayo. ». Aributsa kandi ko dosiye ya Ndadaye co kimwe n’izindi z’ubwicanyi bwakurikiye zavuzweko bikwiye mu biganiro no mu masezerano ya Arusha yo mu mwaka wa 2000. Ashikiriza ko vyashizwe muri wa murwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR.

Petero Buyoya asanzwe ari intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afirika muri Mali n’akarere ka Sahel, mu kiganiro yahaye imwe mu maradiyo yo muri ico gihugu kuri uwu 4 Kigarama umwaka 2018 ku kibazo c’umutahe mpuzamakungu yarungikiwe, yishuye ati : “Sintinya ko Mali canke ibindi bihugu ko vyondungika mu Burundi, kuko ukungene ivy’agateka ka zina muntu vyifasheyo birazwi. Sindi uwa mbere aronse bene iyo mitahe, hari n’abandi batavuga rumwe na Reta bayisohorewe, ariko ntawurarungikwa mu Burundi.”

Nk’uko yavyivugiye, Petero Buyoya yemera ko umunsi hasubiriye iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha yo mu mwaka wa 2000, azitaba imbere y’umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira CVR, kandi ko naho hoba sentare mpuzamakungu ko yiteguriye kuyitaba.

Iyugurugwa ry’urubanza kw’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye ryabaye inyuma y’imyaka 19 rwarahagaze. Umunsi rwugururwa kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2018, abakukuruke bane bahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi bagirizwa urwo rupfu barafashwe batwarwa mw’ibohero.